Nach Genre filtern
- 491 - How easy is it to get an Australian driver's license?Thu, 22 Nov 2018 - 11min
- 490 - How easy is it to get an Australian driver's license? - Uronka gute iperemi yo kunyonga umuduga muri Australia?
Karave Nyandwe talks about the process required to obtain a driver’s license in Australia. - Karave Nyandwe aratubwira intambwe yaciyemwo kugira aronke uruhusha rwo kunyonga umuduga muri Australia.
Thu, 22 Nov 2018 - 11min - 489 - Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye niwe azoserukira umugambwe Cndd-Fdd
Mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNDD-FDD, Jenerari Majoro Evariste Ndayishimiye niwe yatowe kugira azoserukire umugambwe mu matora y'imirije yo muri Rusama, 2020. Woba uzi abandi bamaze kwemera k'umugaragaro yuko bazitoza murayo matora?
Wed, 29 Jan 2020 - 08min - 488 - Mbega umusi uzwi nka Asutralia Day usigura iki?
Mbega Abarundi, Abanyarwanda eka n'abandi banyamahanga boba bahimbaza gute umusi wiswe Australia day? Hoho mbega uwo musi bose bawubona kimwe? Umviriza ico aba na bariya bawiyumvirako. Mugihe bamwe bashima, abandi bavuga yuko abaje ubwambere muri Australia batwaye baranazimanganya uburenganzira bw'abasangwabutaka.
Wed, 29 Jan 2020 - 13min - 487 - 'Ubwiza bw'akayaga duhema bwaraye bwononekaye cane'
Habonetse igipfungu c’umwotsi kinini cane mu kirere kitari bwigere kiboneka mu gisaga c'intara ya Victioria muri rino ci. Uwo mwotsi nyene wari mu kirere watumye umukinyi wa Tennis akomoka mu gihugu ca Slovania azwi nka Dalila Jakupovic yiyonjorora mu rukino yariko arakina rumuha uburenganzira bwo kubandanya iryo higanwa.
Sun, 26 Jan 2020 - 07min - 486 - Aba patiri boba bagiye kwemererwa kurongora vuba?
Uwahoze ari Papa Benedigito XVI yongeye kwemeza yuko atampinduka ashigikiye rijanye no kurekura aba patiri kurongora. Ashikirije aho ahagaze mu gihe Papa Francis we, ashobora guha amahirwe abarongoye akabahezagira nkaba patiri.
Sat, 25 Jan 2020 - 06min - 485 - Ni ibiki bikenewe kugira uronke ubwenegihugu bwa Australia
Abantu benshi bahitamwo ubwenegihugu bwa Australia. Abantu barenga imiriyoni zitanu nibo bamaze guhabwa ubwenegihugu kuva 1949.
Fri, 24 Jan 2020 - 10min - 484 - Woba wipfuza kumenya gutwara ubwato, no kuroba?
Kuba mu gihugu ciza, gifise inzuzi, ibiyaga n’inkombe ntaworeka kwipfuza kumenya ingene wogendesha ubwato ukaniga kuroba. Ivyo navyo bikaba ari bimwe mu bikorwa abanye Australia bakunda kurusha. Ariko hamwe n’uko kuryoherwa, birafise ikiguzi kijanye n’ukwitwararika hamwe n’ivyankenerwa, n’amategeko bijanye mu ntumbero yo gukingira abo muri kumwe n’abandi bose.
Sun, 19 Jan 2020 - 13min - 483 - Jeremie Ngendakumana yatwara umugambwe CNDD-FDD yashinze umugambwe mushasha PDG-Girubuntu
Jeremie Ngendakumana avugira umugambwe mushasha PDG-Girubuntu yaganiriye na SBS Kirundi aho yavuze yuko uwo mugambwe ngo uje guharanira demokarasi hamwe n'intwaro ibereye. Uyo mugambwe ukaba ugiye gushiraho umuco w'ubuntu kuko ngo woba uriko uratakara mu bantu, ivyo vyose bikazoshira imbere intwaro ibereye eka mbere no gushinga amabanga umuntu abifitiye ubumenyi.
Thu, 16 Jan 2020 - 12min - 482 - Inyabwonko zarushije aba dogiteri mu gusuzuma kanseri ifatira mu mabere
Inyabwonko zahawe ubwenge bw'ubuhimbano ubu zirashobora gupima no gutora kanseri ifatira mu mabere zitibeshe na gato hifashishijwe " mammogram''
Tue, 14 Jan 2020 - 06min - 481 - Inzu zirenga 1500 nizo zimaze gusha zigatombera muri Australia
Inzu zirenga 1500 nizo zimaze gusha zigatokombera mu ntara ya New South Wales, muri kino kiringo c’imiriro, hamwe n’izindi zigera 653 zononekaye. Ihuriro ry'amashirahamwe ajejwe gukingira impanuka avuga yuko ibimaze kwononekara bigera ku miriyoni 700 z'amadorari y'amanye Australiya
Tue, 07 Jan 2020 - 07min - 480 - Habuze iki ngo intambara irangire mu Minembwe?
Imihana yaraturiwe, abantu baricwa abandi barahunga. Bamwe mubarongoye abandi mu Minembwe bavuganye na SBS Kirundi barayibwira ivyo bipfuza bivuye ku mpande zose. Muriki kiganiro muraza kwumva ingene aba n'abariya batungana urutoke ku biriko bibera mu Minembwe ariko kandi bose ngo ico bipfuza ni kimwe kandi bagihurijeko. None ngo habuze iki ngo bije mu ngiro?
Fri, 29 Nov 2019 - 39min - 479 - Waruzi yuko hariho abogusaba amafaranga ngo bazoguha viza?
Ni urudandazwa rudasanzwe kandi rwahiriye abatari bake mu bafasha abantu kurondera impapuro z'ubwimukira zo muri Australia. Hamwe n'ivyo hariho n'abandi barya amafaranga y'abantu babizeza nya viza ku buryo bisigaye vyagwiriye. Kubw'amategeko ahari ubu, nta vyinshi ategekanya mu gukingira abashikiwe n'ubwo buriganya.
Thu, 28 Nov 2019 - 07min - 478 - Reta yatanze ibibanza 25 000 kuri viza z'abashaka kuba hagati mu gihugu
Reta ya Australia mu gutera intege aba dogiteri ba baga abantu, abubatsi, abacungera inyamaswa, abahinga muvya siyanse, blacksmiths, abavuza imiti kama yashizeho viza nshasha ku bipfuza kuba no gukora hagati mu gihugu. Itegeko ry'iyo visa rigasaba yuko utegerezwa kuba hagati mu gihugu ikiringo c'imyaka itatu imbere yuko basaba uburenganzira bwo kuba muri Australia kuri viza izwi nka permanent resident.
Wed, 27 Nov 2019 - 09min - 477 - Abarenga ijana nibo bamaze guhitanwa n'indwano zibera mu Minembwe
Ivyatanguye nk'ubusuma bw'intungwa bigeze mu bw'icanyi. Muri komine Minembwe ibihumbi vy'abasanzwe baba murako gace bamaze guteshwa izabo, abarenga ijana bamaze guhitanwa niyo migwano.
Sat, 23 Nov 2019 - 17min - 476 - Wokwirinda gute kanseri yo ku rukoba
Indwara ya kanseri ibangamiye abanya Australia haba mu gihe co mu ci canke igihe bari mu bikorwa akenshi bibera hanze yo mu nzu. Ubwo irindi ci ryegereje, hariko harakoreshwa uburyo bwose bushoboka bwo kwigisha abantu ingaruka ziyo ndwara ifatira ku rukoba n'ingene boyirinda.
Fri, 22 Nov 2019 - 07min - 475 - Ingene wokwirinda imiriro ya nyakanga.
Mu gihe amashuri, ibiro vya reta nivy'abikorera utwabo vyugaye, inzu zirenga amajana zimaze gusha mu bice bimwe bimwe mu ntara za New South Wales na Queensland kubera imiriro ya Nyakanga. Bamwe mu bamaze gushikirwa niyo miriro baragira inama abandi. None n'ibiki ukwiye kumenya?
Fri, 15 Nov 2019 - 12min - 474 - Ni kuki abakoresha bacuna bupfuni na buhoro abakozi hamwe n'abafise viza z'agateganyo
Abimukira hamwe n'abafise viza z'agateganyo ni bamwe mubakubagurwa mu kazi kabo. Nubwo bimeze gutyo bakaba bagiye kugira uburenganzira bwo gufashwa ku buntu mu gihe bituye ubutungane mu ntara ya New South Wales. Ubwo butungane buzofasha abageramiwe cane kurusha abandi bari muri Asutralia nk'abakozi mbere banabamenyeshe uburenganzira bwabo co kimwe no kubafasha barihwe amafaranga batarishwe.
Wed, 13 Nov 2019 - 07min - 464 - Woba utinya urushinge? Ubushakashatsi bushobora kurangiza ibipimo bikorwa harinze kuvomwa amaraso
Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye.
Sun, 28 Nov 2021 - 12min - 463 - Orphan Relative Visa: Ni nde yoyisaba?
Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki?
Fri, 26 Nov 2021 - 09min - 462 - Uko utegura umusi niko wabwirizwa gutegura ijoro, wobigenza gute?
Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe.
Mon, 22 Nov 2021 - 11min - 461 - A.T.M JEFF yahishuye ibanga ryamufashije igihe yagira isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe
Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe.
Sat, 20 Nov 2021 - 09min - 460 - Igisata c'ubuvuzi cigenga kirageramiwe muri Australia
Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.
Sun, 14 Nov 2021 - 05min - 459 - Amategeko y'ibarabara atazwi kandi umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia.
Sat, 13 Nov 2021 - 11min - 458 - Woba uzi ingaruka amabere bateragira mu bakenyezi atera? Ng'ibi ivyo Australia igiye gukora
Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu.
Sat, 13 Nov 2021 - 05min - 457 - Umuvyeyi yokora iki umwana wiwe anyuzuye canke bamunyuzuye
Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama.
Sun, 31 Oct 2021 - 10min - 456 - Ng'ibi ivyo kominote zitegekanya gukora inyuma ya guma mu rugo
Inyuma y'amezi arenga ane, kominote zo muri NSW na Victoria zashize imbere izo zizobanza gukora ubwa mbere zihuye inyuma y'amezi atari make kubera ingingo zo kurwanya ikiza. Menya bimwe muvyo bashize imbere kurusha ibindi.
Sat, 30 Oct 2021 - 12min - 455 - "Impungenge nari mfise k'umuryango ny'Afrika muri Australia ziriko ziragabanuka", Dr. Emmanuel Ndayisaba
Ingaruka mbi ikiza COVID-19 gisiga mu mubiri w'umuntu zirutwa n'ivyiza uruncanco rumuha. Benshi muba ny'Afrika batanguye kurinduka mu kwikingiza, aho mu misi iheze ngo wasanga no kubiyaga hagati yabo atari ku bwinshi. Kurikirana Muganga Ndayisaba uko yasiguye.
Sat, 30 Oct 2021 - 11min - 454 - Ng'ibi bimwe mu bimenyetso vy'indwara y'umutima
Woba uzi amagara y'umutima wawe? Ni vyiza ko umenya inyishu yavyo kuko indwara y'umutima ihitana benshi muri Australia. Ivyigwa vyo mu 2017 vyerekana yuko umwe mubanye Australia batatu ntibazi ibimenyetso vyibanze.
Sat, 23 Oct 2021 - 11min - 453 - Menya ivyo bagiye gukora inyuma y'imyaka ibiri badasohoka
Inyuma y'imisi irenga ijana- imiryango yaratandukanijwe n'ababo, abikorera utwabo barugara, abarenga 350 barapfa, ariko ibintu vyasubiye mu buryo kuri bamwe, none bamwe n'abandi bafise ivyihuta kurusha ibindi bagiye gukora. Ng'ibi.
Sat, 23 Oct 2021 - 11min - 452 - Kumenya ibimenyetso vy’indwara yo mu mutwe mbere
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.
Fri, 15 Oct 2021 - 13min - 451 - SBS yatanguje isubirwamo rya serivisi y'indimi ikoresha
SBS yatanguje igikorwa gisubiramo serivsi z’indimi ikoreshwa mu gihe ico kinyamakuru citegurira guhimbaza imyaka 50. Ivyo vyigwa bizokoresha ivyavuye muri rusansuma kugira ngo bifashe itunganywa z’indimi zizokoreshwa mu myaka itanu iza.
Fri, 15 Oct 2021 - 07min - 450 - Gutwarwa n'ikoreshwa ry'imbuga hwaniro wobihindura bikaguha umwimbu mwiza mu buzima bwawe
Imbuga hwaniro (Social media) zahinduye ubuzima bwa benshi kuba bwiza, ariko kandi zihungabanya mbere zinamugaza benshi burundu. Ariko wari uzi yuko woshobora guhindura ikoreshwa ryazo bigahindura umwimbu w'ubuzima bwawe? Umviriza uko vyogenda.
Thu, 14 Oct 2021 - 11min - 449 - Insiguro ya 'Bridging' viza muri Australia
Muri Ntwarante 2021, ibitigiri vy'abafise 'Bridging' viza muri Australia vyariyongeye ku rugero rutaribwabeho. None 'Bridging viza ni izahe, zoba zizanana n'ubuhe bwigenge?
Wed, 13 Oct 2021 - 13min - 448 - Ivyo banki idashaka yuko umenya, ingaruka zo gusaba ingurane ngo urihe ingurane
Hariho ivyiza n'imfashanyo uronka ivuye muri reta/ intara uherereyemo iyo uguze inzu ubwa mbere. Ariko iyo umaze kugura inzu ukayiriha imyaka mike, ngo har'ivyo kwitonderwa mu gihe wokwipfuza gusaba ingurane ngo urihe ideni, vyasiguwe na Dogiteri NDAYISABA Gilbert, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri kaminuza muri Melbourne.
Sat, 09 Oct 2021 - 16min - 447 - "Ingaruka za COVID-19 ni ntibagiranwa co kimwe n'imvune zo mu mitima"
Umurwi w'abantu wavuganye na SBS Kirundi washikirije ingaruka COVID-19 yabagizeko co kimwe no mu miryango. Bamwe babuze ababo, abandi nabo bibabera vyiza mu kuronka akanya ko gupfundika imigambi ya kazoza, mu gihe abandi bo mu miryango yabo bamugaye.
Fri, 08 Oct 2021 - 10min - 446 - Australia: Umurundi w'imyaka 24 azimirijwe indoto z'umuziki wiwe hataragera
Yanse ivyigwa bisanzwe ahitamo gukora umuziki, Indirimbo ziwe zari zimaze kurabwa n'ama miriyoni y'abantu, Mu gihe umuvyeyi wiwe Beltrand Habiyakare yari yahisemo kumushigikira muri viyo bikorwa vyiwe, ariko Christopher Habiyakare yagiye ibukama asiga abo bavukana mu marira menshi,.
Fri, 01 Oct 2021 - 10min - 445 - Ingurane ihindagurika canke iyidahinduka: Guhitamo ingurane nziza yo kugura inzu
Ingurane ihindagurika itanga amahirwe menshi aho ushobora no gukuramo amahera, mu gihe ingurane idahindagurika ituma uriha y’amafaranga nyene mu kiringo mwemeranije. Mu gihe uhise kuvavanura niyo nyungu idahinduka, ihadabu ishobora kuba nini cane.
Fri, 01 Oct 2021 - 11min - 444 - " Gukatira umunyororo w'imyaka 25 papa wanje n'ugushaka kumucecekesha," niko Kanimba yavuze
Umuryango wa Paul Rusesabagina ntiwatangajwe n'ingingo yashikirijwe na sentare nkuru y'Urwanda kuri Rusesabagina. Hirya y'ingumvu Ububirigi na reta zunze ubumwe z'Amerika ziriko zirakora, uwo muryango usaba ikipe ya Arsenal na PSG guhagarika amasezerano bifitaniye n'Urwanda.
Fri, 24 Sep 2021 - 11min - 443 - Iyongerezwa ry’ikiringo ku mfashanyo zitangwa na centrelink
Hamwe n’impinduka mu bijanye n’imfashanyo reta iha abantu, zitegekanijwe gushirwa mu ngiro kuva itariki 1 Nzero 2022, abahawe uburenganzira bwo kuba ngaha bazorindira imyaka ine imbere yuko baronswa imfanshanyo na reta.
Fri, 24 Sep 2021 - 12min - 442 - Umurundi yakundwa cane mu kibano yaburiwe irengero, atorwa ari ikiziga
Eimable Manirakiza, w'imyaka 24, umuhinyanyuzi w'umuziki, yakunda no gusenga cane yaburiwe irengero kuva muri Ruheshi. Ivyo vyabaye imbarutso, ikibano cose kija mu vyambu hamwe n'inzego zibijejwe, ariko vyose bidadanuka inyuma y'amezi abiri atowe mu ruzi.
Thu, 16 Sep 2021 - 10min - 441 - COVID-19: Umurundikazi w'abana batandatu yaraye arusimvye hamwe n'abana bane mur'abo
Mu gihe umugabo yugariweko imbibe mu Burundi kubera COVID-19, Aline Butoyi hamwe n'abana bane bose banduye umugera wa coronavirus barasinzikara cane> mu nzu nyene barimo harimo abandi bahungu biwe bo batigeze bandura. Bishoboka gute?
Wed, 15 Sep 2021 - 11min - 440 - Ni gute wogumana amagara meza mu bihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zigifatwa.
Mu gihe guma muri Melbourne na Sydney zongerejwe, kwinonora hamwe n'ibibanza biberamo ntibiremererwa kwugurura. Ukudahura n'abantu hamwe no kwugaranwa ntibisigura gusa ukudahura n'abandi ariko n'ibangamirwa ry'amagara y'abantu mu mitwe.
Wed, 15 Sep 2021 - 13min - 439 - Ikirere c'akanyamuneza nyuma yo gukuraho guma mu rugo.
Abantu bishimiye ingingo ya reta yo gusubizaho ubuzima busanzwe muri Mildura (VIctoria), ariko igiporizi kikaba congereje kugira gicungere uwinjira mur'ico gisagara avuye ahandi.
Fri, 10 Sep 2021 - 09min - 437 - Menya ibimenyetso vy'indwara zo mu mutwe
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.
Fri, 10 Sep 2021 - 13min - 436 - Ni gute guma mu rugo ishobora ku kwibutsa kahise k'intambara wabayemo?
Guma mu rugo ihuriye he n'ibihe wabayemo muri kahise? Delphine Yandamutso arahishura ingaruka zibonekeza iyo umuntu aguma agufatira ingingo na cane cane muri bino bihe vya guma mu rugo.
Thu, 09 Sep 2021 - 11min - 435 - "Nabonye mwene wacu arwaye COVID-19 ntaco nemerewe kumufasha kandi tubana mu nzu imwe,"
Inyuma yo kumenyeshwa yuko mutoya wiwe yanduye coronavirus, Kaneza Sandrine yababajwe no kubona mwene wabo aremvye, akorora, afise umuriro,...ariko atemerewe kumwegera. Ngo abavyeyi bashobora kuba bo batanduke kandi babana kubera bamaze kwikingiza urucanco rwa COVID-19.
Sat, 04 Sep 2021 - 08min - 434 - "Ndi mu bantu batemera ivy'urucanco ariko nababajwe cane maze kumenya ko nanduye COVID-19," Mugisha arahishura ivyamubayeko
Amaze kumenya ko yanduye yafashe intambwe zo kwirinda nkuko yabigiriwe inama n'inzego zijejwe gukurikirana amagara y'abantu, none ngo mu misi itatu gusa azoba yakize kandi yasubiye mu bikorwa vyiwe. Mu kiyago twagiranye yashoboye no kugira inama abatemera ivy'urukingo rwa COVID-19.
Fri, 03 Sep 2021 - 09min - 433 - Ngizi impamvu zogutera kwicandagisha COVID-19, Dr Emanuel NDAYISABA arabiduhishurira
Benshi bafise ubwoba bwo kwicandagisha ikiza coronavirus ariko Dr Ndayisaba Emanuel arahishura impamvu zikomeye umuntu akwiye guha agaciro akicandagisha ico kiza. Yasiguye ubumuga ico kiza gisiga mu muntu mu gihe aticandagigishije hama akagirirwa amahirwe agakira.
Wed, 01 Sep 2021 - 11min - 432 - Imfanshanyo kubafise viza y'agateganyo n'abarondera ubuhungiro.
Imfanshanyo itangwa na reta biciye mu mashirahamwe iraboneka kubafise viza z'agateganyo co kimwe n'abasaba ubuhungiro bariko baraca mu bihe bikomeye. Amashirahamwe yababa 200 niyo ariko aratanga ubwo bufasha hamwe n'ibifungurwa ku bantu babikeneye mur'ibi bihe vy'ikiza COVID-19.
Sat, 28 Aug 2021 - 11min - 431 - Gusigura ivy'amarerero y'abana bakiri bato muri Australia
Ukaba wiga canke ukora kandi ufise umwana akiri muto muhira, urashobora guhabwa imfanshanyo muvyo gushira umwana wawe mwirerero muri Australia. Ukaba ukwije ibisabwa ubufasha uronswa na reta buzovana n'umushahara wawe.
Fri, 27 Aug 2021 - 16min - 430 - Abanyarwanda guhimbaza umuco n'akaranga mu gihe Australia yugarijwe na coronavirus
Umuco n'akaranga nivyo biranga abene gihugu kanaka. Muri Queensland, abanyrwanda bariteguye guhimbaza imico n'akaranga hirya y'ikiza COVID-19 kigisibije.
Sat, 21 Aug 2021 - 09min - 429 - Melbourne imaze imisi 200 muri guma mu rugo, mu gihe NSW yakomeje ingingo zo kurwanya COVID-19
Abantu barasaba ko hobaho gushira amanga abantu bakicandagisha ngo ikiza coronavirus kibashe guhera vuba abantu basubire mu buzima busanzwe. Ng'uku uko vyashikirijwe nabo twavuganye.
Fri, 20 Aug 2021 - 13min - 428 - Ingaruka Covid-19 igira ku bavyeyi bategerezwa gufasha abana mu rugo
Abavyeyi bategerezwa gufasha abana bariko barigira mu rugo ngo nabo COVID-19 yabateye kwumva bacitse intege no mu bikorwa vyabo bari basanzwe bakora umusi kuwundi. Umviriza uko bagiye kubitorera umuti.
Thu, 19 Aug 2021 - 09min - 426 - Ivyihishije inyuma ya Gura Ubu Urihe nyuma "Buy Now Pay Later"
"Buy Now Pay Later" iriko irahurumbirwa cane n'abantu muri Australia aho abashika imiriyaridi zirenga 5.6 z'abantu bayikoresha nkuko vyibonekeza mu vyegeranyo vya 2018-19. Ariko hamwe n'ivyo hariho ivyinyegeje kubantu bakoresha izo serivisi nyinshi bituma bagoka muvy'amafaranga.
Wed, 28 Jul 2021 - 10min - 425 - Australia: Ingaruka zo kureka viza yawe igahera, menya ico wokora?
Mu gihe umuntu agumye muri Australia inyuma yaho viza yiwe itakarije igihe mur'ico gihe baca bahaba inyuma y'amategeko, mbere bakaba bonatahukanwa mu gihugu bazananyemo. Hoho waruziko vyoviramo ingingo y'imyaka itatu udahabwa viza yo muri Australia?
Sun, 25 Jul 2021 - 12min - 424 - Ingaruka zo gukorera mu rugo kubera COVID-19
Ibikorwa vya benshi vyaragizweko ingaruka kubera ikiza coronavirus. Abakorera mu rugo co kimwe n'abatakaje ubuzi. Ariko ngo "ntamvura idahita"
Sat, 24 Jul 2021 - 07min - 423 - "Kudata intumbero no kwihanga bizogushikana ahushaka"
Benshi bagera muri kino gihugu bafise indoto, ariko ugasanga barateshutse. Ariko ngo mu gihe uhisemo kutavirira ico wiyemeje, ntacotuma udashikira indoto zawe. Dr Rutagengwa kuri SBS Kirundi
Thu, 15 Jul 2021 - 13min - 422 - NAIDOC: Ibibanza kama ngirakamaro biri hafi yawe
Iyi inkuru isesengura ibijanye n'ibibanza ngira kamaro vy'abasangwabutaka bifise akamaro biri hafi yawe kandi ukwiye kwiga no kwubahiriza.
Fri, 09 Jul 2021 - 11min - 421 - Uburundi bwatsinze DR Congo mu rukino rwa kivandimwe aho ibihugu vyose vyahimbaza intahe yo kwikukira
Mu gihe izindi ntara ziri muri guma rugo, intara ya South Australia yashoboye guhimbaza imyaka 59 Uburundi bwikukira mu gutunganya inkino hamwe n'ibirori vyitabiriwe n'abantu batari bake hirya ya COVID-19
Wed, 07 Jul 2021 - 09min - 420 - Uburundi bwaronse gute intahe yo kwikukira haheze imyaka 59?
Mu gihe Uburundi buhimbaza imyaka 59 bwikukiye, bamwe mu ndongozi z'imigamwe ntibemeranya ku gihe Uburundi bukwiye kwikukira, mbere bihitana n'ubuzima bwariko araharanira uko kwidegemvya kw'Uburundi.
Fri, 25 Jun 2021 - 15min - 419 - Akamaro ko gutegura icete gisigura ivy'ubutunzi bwawe mu gihe utakiriho, na cane cane kubimukira
Abanye Australia batari bake ntibaha agaciro urwete rujanye no gutatura ivyoshika inyuma yo kwitaba Imana bibaza yuko badafise ubutunzi bukenewe canke bukwiye. Ariko abahinga bahanura yuko ukwiye gutangura kuvyiyumvira mu gihe wakuze. Ushobora kuronka ubufasha mu vy'amategeko ariko har'ivyo ukwiye kwitararika cane cane.
Thu, 24 Jun 2021 - 11min - 418 - Abanyamulenge mu myigaragamvyo ku murwa mukuru wa Australia i Canberra
Mu myigaragamvyo isaba guhagarika ubwicanyi bubera i Minembwe, Abanyamulenge basaba inzego za Australia co kimwe no mu karere kibiyaga binini gutabara amazi atararenga inkombe.
Tue, 22 Jun 2021 - 09min - 417 - N'iyihe mpamvu abantu batumva kumwe ibijanye no kwicandagisha COVID-19?
COVID-19 ntiyakiriwe kumwe kuva ikicitwa ikiza. Ubwo inanco zatanguye gutangwa, abantu ntibavyumva kumwe. Bamwe bati tuzokwiteza icanco , abandi bati shwiii. None ni kubera iki?
Sun, 20 Jun 2021 - 11min - 416 - "Icambabaje kurusha ibindi vyose n'ukwitwa impunzi"
Kuba impunzi vyatanguye kera kandi abantu bitwa impunzi mu buryo butandukanye. Indwi yahariwe impunzi itangura 6 Ruheshi buri mwaka. Uyu mwaka icivugo ni 'ubumwe'. Ubwo bumwe bushoboka gute ? Slyvia Niyonsaba yabaye impuzi kuva mu 1972 aratwiganira.
Sun, 20 Jun 2021 - 09min - 415 - Australia: Agashimwe Queensland Day Award ko mur'uno mwaka kahawe umurundikazi
Umushingamateka akaba n'umunyabigega w'intara ya Queensland muri Australia yashikirije umurundikazi Therese Miburo agashimwe gahabwa umunyagihugu yafashije cane kurusha abandi mu kibano.
Wed, 16 Jun 2021 - 07min - 414 - Australia: Umunyarwanda yareze Urwanda muri ONU arwagiriza bakuru biwe baburiwe irengero
Jennifer Robinson yafashije Julian Assange niwe agiye kuzofasha Noel Zihabamwe mu birego yatanze mu muryango mpunzamakungu ONU, aho yareze Urwanda. Ubuserukizi bw'Urwanda muri Singapore ntaco bwashimye gushikiriza kur'ivyo birego.
Sun, 13 Jun 2021 - 14min - 413 - Abayahudi n'abanyafurika ngo basangiye kahise kabishe, iyo miryango ikaba igiye gushinga imigenderanire
Abanyafurika hamwe n'Abayahudi n'imwe mu miryango yagize kahise karanzwe n'ubwicanyi hamwe n'ivangura rifatiye ku rukoba. Iryo sano rikaba ryabaye imbarutso yo gushiraho imishikirano hagati yiyo miryango ibiri.
Fri, 11 Jun 2021 - 07min - 412 - Africanova ati "indirimbo intwari niyo gukundisha abantu igihugu siya poritike"
Africanova umwe mu baririmvyi ba kera mu Burundi yakoresheje indirimbo mu gushimira abitanze kugira Uburundi bube bumemze uko buri. Vuba ngo agiye gushira ahabona zimwe mu zindi ndirimbo nshasha n'izakera.
Thu, 10 Jun 2021 - 21min - 411 - Prince Louis Rwagasore n'amarira menshi ati "abo bazungu nzobirukana basubire iwabo"
Umwami Mwambutsa IV akaba ari we se w'umuganwa Rudoviko Rwagasore ntiyigeze yipfuza yuko arendegera mu buzima. Ariko Rwagasore akiri mu mashuri y'intango yafashwe nabi, ategekwa kwoza imisarani abikorana n'amarira menshi. Africa Nova aradusigurira
Thu, 03 Jun 2021 - 10min - 410 - Mbega n'igiki kiba mu gihe viza yawe itaye igihe kandi ukaguma muri Australia?
Mu gihe umuntu agumye muri Australia no mu gihe visa yiwe yataye igihe, aba ahabaye biciye inyuma y'amategeko kandi arashobora gusubizwa inyuma agakurwa muri Australia, ivyo bishobora kuba imbarutso yo ku kwima viza mu kiringo c'imyaka itatu.
Sun, 06 Jun 2021 - 12min - 408 - Dukingire ibidukikije navyo bizodukingira
Mu gihe isi giye guhimbaza umusi wahariwe ibidukikije, umwe wese aterwakamo ko kwitwararika ibidukikije gutyo tubashe kubikingira ngo umwe wese azosige umurage mwiza.
Fri, 04 Jun 2021 - 21min - 406 - Ni iyihe mpamvu yotuma wimukira hagati mu gihugu ukava mu gisagara?
Benshi bafise impamvu zitandukanye zibatera kwimukira hagati mu gihugu. Abimukira hagati mu gihugu ntibasangiye impamvu. Ng'izi imamvu zimwe zimwe womenya.
Sun, 30 May 2021 - 11min - 405 - Ni gute wogira uruhara mu ndwi yahariwe ukurekuriranira?
Indwi yahariwe guhariranira ni gihe abanye Australia bakwiye kwemanga kahise hamwe n'imico n'akaranga bityo bakubaka imishikirano myiza hagati y'abasangwabutaka bazwi nka Aboriginal n'aba Torres Strait Islander.
Sat, 29 May 2021 - 13min - 404 - Kwiga ntibihera mu gihe umuntu akiri muzima
Ngo kwirekura ukavuga akari imurore akenshi birafasha mu gihe uwiyemeje kugufasha umwugurukiye akamubwira ukuri. Ngo ariko akenshi abantu benshi usanga bavuga canke batanga amakuru atariyo. Ivyo navyo biragira ingaruka zidasanzwe.
Fri, 21 May 2021 - 14min - 403 - Kwibuka ubwicanyi bwabereye ikibeho mu Rwanda ku ncuro ya 26
Federation of Rwandan Communities in Australia yateguye ibirori vyogushimira ingabo z'abasirikare barenga 650 bagiye mu Rwanda gufasha inyuma ya jenoside yabaye mu mwaka 1994. Menya ico abo banyarwanda basaba co kimwe n'ubutumwa bafise.
Fri, 21 May 2021 - 11min - 402 - Amwe mu mategeko atazwi cane umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
Birasanzwe kubona uruja nuruza rw’abantu bariko baragendesha indidiri zikoresha amabateri mu bisagara bitandukanye muri Australia. Ariko benshi ntibazi yuko izo ndidiri hariho ibisagara bimwe bimwe zitemerewe gukoreshwamo.
Thu, 20 May 2021 - 11min - 401 - Vyifashe gute kubaho udafise viza muri Ausytralia
Kubaho udafise viza muri Australia biguha canke bikwima ubuhe burenganzira. N'ibiki wemerewe gukora canke kudakora mu gihe uba utararonka iyo viza?
Fri, 14 May 2021 - 11min - 400 - Ingaruka zo kureka viza yawe igata igihe muri Ausralia
Mbe hategekanijwe iki k’umuntu viza yiwe itaye igihe muri Australia? N’igiki ukwiye gukora mu gihe wisanze viza yawe yataye igihe?
Fri, 14 May 2021 - 12min - 399 - "Mbangikanya umwuga wo gufata amasanamu hamwe n'urugo"
Abantu benshi basigaye baratahuye gukora ibintu ubibangikanije yaba mu kazi canke mu rugo. gufata amasanamu n'igikorwa gisaba kwitonda, kuko vyoroshe guhusha ntusubirize ayo masanamu. Umwe mu bakenyezi bakora umwuga wo gufata amasanamu yavuganye na SBS kirundi.
Wed, 12 May 2021 - 11min - 398 - Umwigisha, umupfasoni, umukinyi wa komedi: vyose abironkera umwanya gute?
Umukenyezi ngo akwiye gushemagizwa ibihe vyose atari kurindira rimwe mu mwaka. Australia igiye guhimbaza uyo musi, mu gihe uwujejwe intara ya NSW ashikirije amategeko mashasha kubera COVID-19.
Fri, 07 May 2021 - 09min - 397 - "Akabura ntikaboneke ni nyina w'umuntu"
Mu gihe Australia buca ihimbaza umusi wahariwe umuvyeyi, ngo izina "mukase" rikwiye gukurwaho. Ivyo biri mu kiganiro Therese Miburo yashikirije, aho yanashikirije icese gihayagiza umuvyeyi.
Thu, 06 May 2021 - 08min - 396 - Ivyo ukwiye kumenya mu gihe ushaka kugura imodoka
Woba umaze kugura imodoka hama ugasanga ifise vyinshi ukwiye gukoresha? Ivyo birasanzwe mu gihe woba udafise ubumenyi bukwiye muvy'amamodoka. Ariko urashobora gukora ubushakashatsi ku giti cawe kugira ugure immodoka ijanye n'amafaranga ufise kandi ikomeye.
Fri, 30 Apr 2021 - 10min - 395 - Kumenyesha amabi akorerwa mu ngo ni bimwe mubizana inyishu
Gutahura amabi akorerwa mu ngo no kumenya icokorwa ni kimwe muvyofasha kugabanya amabi akorwa mu ngo. Umviriza uko bamwe mu bitabiriye ishirwa ahabona ry'ubushakashatsi bwakozwe n'ibigo bibiri.
Fri, 30 Apr 2021 - 11min - 394 - "Natakaje imyaka ibiri kubera gufungwa"
Inyuma y'igifungo c'imyaka ibiri muri gereza " Bukeyeneza" arahishura amabanga yo muri gereza mu bigo vyo muri Australia.
Thu, 29 Apr 2021 - 12min - 393 - " Twibutse hamwe n'abandi bose bahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi mu 1994"
Urwanda rwibuka abahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi uko umwaka urangiye. Mu birori vyo kwibuka vyabereye muri Queensland-Australia, bo bashoboye kwibuka abantu bose bahitanywe n'iyo jenoside atari abatutsi gusa. Kurikirana uko babishikirije,...
Sun, 18 Apr 2021 - 09min - 392 - "Ubuzima bwanje muri gereza za Australia busa gute"
Abaje muri Australia siko bose baronka amahirwe yo gushikira mu buzima busanzwe nk'abandi bose. Kurikirana "Bukeyeneza" (iryo si izina ryiwe ry'ukuri) yinjiye muri Australia akisanga mu gasho ikiringo c'imyaka 2.
Fri, 16 Apr 2021 - 09min - 391 - Australia: Ukutumvikana kuri jenocide yabaye mu Rwanda mu 1994
Kominote y'abanyarwanda mu ntara ya Queensland izokwibuka abahitanywe na jenoside yakorewe abatutsi ngo ariko s'abo gusa hariho n'abandi bazokwibukwa. None ngo ni bande?
Thu, 15 Apr 2021 - 11min - 390 - Mbega Abanyarwanda biyumva gute iyo bibuka ivyabaye mu 1994
Bamwe mu Banyarwanda bari bitabiriye igikorwa co kwibuka abahitanywe mwi honyabwoko ryabaye mu 1994, bavuze ico kwibuka bisigura kuri bo.
Sun, 11 Apr 2021 - 10min - 388 - Ni gute wosaba ingurane inyuma yo gukora ubushakashatsi bwawe
Reta ya Australia iriko iriga ukuntu yo kworosha amategeko ajanye no gusaba ingurane kugira ngo ivy’ubutunzi mu gihugu bishobore kwiyongera. Ngo ariko hazobanza kwisunga ibisabwa kuwugurana kugira ngo barabe yuko yujuje ibisabwa, abahinga bakaba bagira inama abantu yuko ubu ariho abantu bakiwye gushishoza muvyo gusaba ingurane kurusha uko bavyigeze.
Fri, 09 Apr 2021 - 10min - 387 - Kwibuka ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda ku ncuro ya 27, amatariki co kimwe n'abishwe ntivyemeranywa kumwe
Ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda ryahitanye, abasaga umuriyoni. Bamwe bati hishwe abatutsi gusa, abandi bati n'abahutu barishwe. Ikirenzeko, amatariki ubwo bwicanyi bwabereyeko ntiyemeranywa na bose.
Thu, 08 Apr 2021 - 14min - 386 - Guhimbaza pasika mu bihe vya COVID-19 bisigura iki?
Mu gihe COVID-19 isa niyiriko iragabanuka, mbega abakristu biteguriye guhimbaza gute pasika mu gihe bamwe bagitegetswe ku kuguma mu rugo? David Runezerwa yabisiguriye SBS Kirundi.
Sun, 04 Apr 2021 - 07min - 385 - Ni gute wosubira mu kazi kawe, wirinze COVID-19
Ubushakashatsi bwerekana yuko abanye Australia babiri kuri batanu bafise amakenga kubijanye n’isuku aho basanzwe bakorera aho ni mugihe ica kane bahagaritswe umutima n’imyanda itaboneka ku jisho kuvaho ikiza ca coronavirus gitanguriye. Mu gihe abakozi benshi bariko barasubira mu bibanza basanzwe bakoreramo, woba uhagaritswe umutima no gukoresha uburyo rusangi bwo kwiyunguruza kandi ukaguma mu bandi benshi musangiye ikibanza co gukoreramo?
Sat, 03 Apr 2021 - 10min - 384 - Gutahura amabi akoregwa mu ngo z'abanya Afrika n'icokorwa
Bimwe mu bibera mu miryango yabanya Afrika ngo akenshi usanga batanamenya yuko ari ihohoterwa gushika mu gihe bahuye n'uwubajijura canke uwabiciyemo akababwira. Ubushashakashstsi bwerekana yuko benshi muba nya Afrika bataratahura iryo hohoterwa ritandukanye. Ikigo ca Kaminuza Western Sydney University hamwe na n'ishirahamwe GLAPD vyaraye bishize ahabona ubwo bushakashatsi.
Wed, 31 Mar 2021 - 10min - 383 - Inyuma y'urupfu rwa John Pombe Magufuli ngo impunzi zishobora kwitabwaho kurusha
Abarundi barashikiriza agahinda bafise k'urupfu rw'uwuwahoze arongoye Tanzania, ariko abandi nabo ngo impuzi zizoroherwa. Umviriza uko umuhinga mu vya politique David NIYONSABA asigua
Fri, 26 Mar 2021 - 12min - 382 - Haribonekeza ivangura rifatiye ku rukoba mu mazu reta ifashisha abantu kubamwo
Imyidogo ni yose ku basanzwe baba mu mazu ya reta. Ibibazo bahura navyo murayo mazu ngo ntibishoka bikemurwa ngo rimwe rimwe kubera ivangura rifatiye ku rukoba.
Thu, 25 Mar 2021 - 10min - 381 - Kwibagira yoba ari indwara ifata abanya Afrika
Australia yiyemeje gufasha abantu biciye mu mashirahamwe afasha abagendana uburwayi bwo kwibagira mu ntumbero yo gushigikira abageze muzabukuru muri bino bihe vya COVID-19.
Fri, 19 Mar 2021 - 10min - 380 - Urupfu rwa Dr. John Pombe Magufuli ruvuze iki mu ba Tanzania
Urupfu rw'uwahoze arongoye Tanzania Dr. John Pombe magufuli rwatunguye benshi, rusiga amarira mubakunzi. Magufuli yumvikanye kenshi adaha agaciro ikiza COVID-19, yishwe n'indwara yari amaranye igihe, nkuko vyashikirijwe n'icegera c'umukuru w'igihugu.
Fri, 19 Mar 2021 - 09min - 379 - Australia: Mbe bamwe mu barundi bavuga iki ku rucanco rwa COVID-19?
Reta ya Australia yashize ahabona urutonde rw'ingene abanyagihugu bazokwicandagisha, kandi ku ubuntu. Ariko bamwe mu barundi baba mur'ico gihugu bafise ukundi babibona.
Thu, 18 Mar 2021 - 12min - 378 - Australia: Ivyo ukwiye kumenya imbere yuko wimukira muyindi ntara.
Impamvu zitera abantu kwimuka bava mu ntara baja mu yindi ziratandukanye. Ariko woba uzi ivyo ukwiye kwitwrarika kurusha ibindi?
Sun, 14 Mar 2021 - 10min
Podcasts ähnlich wie SBS Kirundi - SBS mu Kirundi
- El Partidazo de COPE COPE
- Herrera en COPE COPE
- Es la Mañana de Federico esRadio
- La Noche de Dieter esRadio
- Hondelatte Raconte - Christophe Hondelatte Europe 1
- 財經一路發 News98
- La rosa de los vientos OndaCero
- Más de uno OndaCero
- La Zanzara Radio 24
- L'Heure Du Crime RTL
- El Larguero SER Podcast
- Nadie Sabe Nada SER Podcast
- SER Historia SER Podcast
- Todo Concostrina SER Podcast
- 安住紳一郎の日曜天国 TBS RADIO
- TED Talks Daily TED
- アンガールズのジャンピン[オールナイトニッポンPODCAST] ニッポン放送
- 辛坊治郎 ズーム そこまで言うか! ニッポン放送
- 飯田浩司のOK! Cozy up! Podcast ニッポン放送
- 吳淡如人生實用商學院 吳淡如
- 武田鉄矢・今朝の三枚おろし 文化放送PodcastQR
Andere Nachrichten und Politik Podcasts
- The Ray Hadley Morning Show 2GB
- Ben Fordham Live on 2GB Breakfast Radio 2GB
- The Bolt Report Sky News Australia / NZ
- You Cannot Be Serious Sam Newman
- Dateline NBC NBC News
- Nights with John Stanley 2GB & 4BC
- Global News Podcast BBC World Service
- Credlin Sky News Australia / NZ
- 3AW Mornings with Tom Elliott 3AW
- Late Night Live - Full program podcast ABC listen
- Ukraine: The Latest The Telegraph
- Hack triple j
- The Dan Bongino Show Cumulus Podcast Network | Dan Bongino
- Six Tackles With Gus 9Podcasts
- The Rita Panahi Show Sky News Australia / NZ
- UFO WARNING UFO WARNING
- Sky Sports Radio's Big Sports Breakfast Sky Sports Radio
- Australia Overnight with Mike Jeffreys 2GB
- Paul Murray Live Sky News Australia / NZ
- 2GB Weekends - Full Show 2GB